Amategeko agenga abakozi n’abakoresha ni kimwe mu bitsimbataza iterambere, iteka n’itekane mu kibano iyo yubahirijwe. Reka dukurikirane imyihwezo y’abahinga batandukanye mu bijanye n’amategeko agenga abakozi n’abakoresha hamwe n’uburenganzira bwabo. Mu Burundi, amategeko agenga abakozi n’akazi arahari ariko ntiyubahirizwa bishimishije. Itegeko ridasanzwe (loi spéciale) ryo kuwa 24/11/2020 risubirira itegeko-bwirizwa (décret-loi) ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 7/07/1993; akaba ari ryo ryerekana neza uburenganzira bw’umukozi n’aho bugarukira. Ariko kandi, hariho n’ayandi mategeko atandukanye nk’ibwirizwa shingiro ndetse n’amategeko mpuzamakungu ajanye n’akazi Uburundi bwateyeko igikumu. Iryo tegeko rirerekana ko umukozi, yaba uwa Reta canke uwo mu…