Muha: Abakoresha ECOCASH baratekewe n’ubwoba

Abakoresha ubuhinga bwo guhanahana amafaranga hakoreshejwe amaterefone, “Ecocash”, baratekewe n’ubwoba inyuma y’itangazo OBR yasohoye. Ikigo OBR kikaba gisaba amabanki yose ishirahamwe Éconet, ubwo buhinga bwegukira, ifisemwo amakonte ko amafaranga ariyo boyashira ku makonte ya ARCT N° 02104582353 yakira amafaranga y’amarundi no ku N° 01104583840 yakira amafaranga y’amadorare.
Abenegihugu bo muri komine Muha basabá gusubizwa uburyo bwabo buri muri ubwo buhinga bakaba bidoga ko batoroherezwa.

Abenegihugu bo muri komine Muha, Zone Kanyosha, bakoresha uburyo bwo kubika no kubikura amafaranga bakoresheje igisata Ecocash baridogera  ishirahamwe Éconet.

Vyose vyatanguye kuwa 24 Nzero 2023, aho ikigo OBR casohora urwandiko rwerekana amafaranga yose ishirahamwe Éconet riheraniye Reta. Urwo rwandiko rwashikiriza ko Econet iheraniye Reta amafaranga angana n’imiriyoni 88 z’amarundi hamwe n’imiriyoni 44 z’amafaranga y’abanyamerika. Ico kigo kikaba casaba amabanki yose Éconet ifisemwo amafaranga koyoyarungika yose ku makonte y’ikigo ARCT kijejwe kugenzura ibijanye n’itumatumanako amakuru mu Burundi. Ayo makonte nayo akaba ari N° 02104582353 yakira amafaranga y’amarundi no ku N° 01104583840 yakira amafaranga y’amadorare y’abanyamerika.

Inyuma y’iryo tangazo, ahenshi mu gihugu, abanyagihugu bakaba baciye biyumvirako iryo shirahamwe ryoba rigiye kwugarwa. Ivyo bikaba vyatumye abafise amafaranga yabo muri ico gisata batangura kuyakuramwo ku bwinshi. Ndetse bamwe mu bafasha kubika no kubikura amafaranga bakoresheje Ecocash benshi bita “Aba agents” bakaba baciye bahagarika gukoresha Ecocash nabo baja kurondera uko bokuramwo uburyo bwabo.

Inyuma yo kubonako Ecocash iriko irahebwa gukoreshwa ndetse hari n’abipfuza gufashwa n’ubwo buhinga batariko baroroherezwa, umuyobozi ajejwe ubudandaji wa Éconet akaba yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa 27.01.2023. Muri ico kiganiro, uwo muyobozi akaba yarahumurije abakoresha igisata Ecocash maze abasaba kubandanya bagikoresha.

Yarongeye agira ati: “Naho ishirahamwe ryacu hari ibirarane rifitiye Reta turiko turabiganirako kugira ngo turabe ukuntu vyova mu nzira. Ishirahamwe Econet ntabwo rigiye kwugarwa.”

Ikigo OBR naco nyene, kuwa 27.01.2023, caciye gisohora urwandiko ruhumuriza abenegihugu ko boguma ku kivi. Ico kigo camenyesheje kandi muri urwo rwandiko ko ishirahamwe Econet ritagiye kwugarwa. OBR ntiyibagiye kumenyeshako ibiganiro bigiye kubandanya hamwe n’uwo muhora wa Econet mu ntumbero yo gukura mu nzira ico kibazo.

Uko abenegihugu babibona                                        

Kuwa 30 Nzero 2023, aho ikinyamakuru Shikiriza cashoboye gushika, ku biro vy’ishirahamwe Econet biri muri komine Muha, zone Kanyosha, aho benshi bita “kurya Rumonge” cahasanze umurongo munini w’abaje kubikura amafaranga yabo. Muri abo, hakaba harimwo abenegihugu batandukanye harimwo na bamwe mu bahora bafasha abandi kubika no kubikura bakoresheje amaterefone benshi twita “aba agents” mu kinofunofu.

Umwe mu bari ku murongo yayaze n’ikinyamakuru Shikiriza akaba yagize ati: “Simbona uko benshi tugiye kubaho mu gihe twari dutunze imiryango kubera kano kazi. Ntitubona uko bigiye kugenda mu gihe Éconet yokwugara kandi tuzi ko yari isanzwe ifise abanywanyi benshi”.

BARUTWANAYO Désiré yarongeye kandi ashikiriza amakenga yiwe: “Ntidutahura ukuntu Éconet yoba iheranye amafaranga angana kurya kwose muri iki gihe. Ku bwanje nibaza ko yoba ari ayakera guhera icitwa Leo.”

« Naho baduhumuriza, ntacizere twogira co kubandanya dukoresha Ecocash kuko na Smart vyagenze uko. Dusaba ko bodusubiza amafaranga yacu ari mw’iryo shirahamwe”. KANYANA Nelly, uwundi mwenegihugu, yaganiriye n’ikinyamakuru Shikiriza.

Ivyo bakaba babishikirije inyuma y’imisi 5 iheze ata mpinduka yo kworoherezwa iribonekeza nk’uko vyahora. Abenegihugu bakoresha ubwo buhinga bakaba gushika n’ubu badatunganirizwa nk’uko vyategerezwa ndetse hakaba hariho n’abafise ubwoba ko amafaranga yabo ashobora guherayo.