Buke buke bukomeza igihonyi, inkuru ya Karita!

Mu Burundi co kimwe n’ahandi kw’isi yose, ubushomeri bw’urwaruka ni kimwe mu ngorane zihanze amareta. Mu Burundi, mu ntumbero yo kugerageza guhangana n’iyo ngorane, urwaruka ruramaze kwijukira ku bwinshi ibijanye no kwitunganiriza imigambi. Abigeme na bo nyene ntibasigaye inyuma, ku buryo hari n’imirimo bijukiye yahora ikorwa n’abagabo gusa. Ikimenyeshamakuru Shikiriza caraganiriye n’umwe muri bo, asanzwe akora umwuga wo kumwa. Awufatanya no kudandaza utundi tuntu ku ruhande. Yemeza ko naho yatanguye bimugoye, ubu yamaze kumira akabuye k’abagabo. Ntakizera akantu kose ku wo bubakanye.

Karita Uwimana* ni umukenyezi yubatse, afise abana babiri. Akora akazi ko kumwa. Arangurira imirimo yiwe mu karitiye Muyaga, iri muri zone Gihosha mu gisagara ca Bujumbura. Ushitse aho akorera, uhasanga abana, abagabo hamwe n’abakenyezi baje kwimwesha. Inzu akoreramwo ni nto ariko yegereye ibarabara. Imbere y’aho akorera, uhasanga amasabuni yo ku mesa, hamwe n’ikirango c’abadandaza ama inite mu buryo bwa « Lumicash ». Hari n’igihe uhasanga intore canke ibindi bidandazwa biribwa. Muri bamwe bahagendera, hari ababaza ama inite, hari abimosha, nayo abandi bakagura amasabuni canke ibiribwa. Ivyo vyose abikora ari umwe kandi akabikorera mu kibanza kimwe.

Tumubajije impamvu bimeze uko, yishuye agira ati: « Aha vyose ndabikora kugira ndabe ko udufaranga tworwira. Aka kazi ko kumwa ntikontunga ari kamwe« .
Nk’uko yabandanije abisigura, avuga ko ako kazi ko kumwa ariko kamugejeje kuri utwo tundi dutoduto akora. Kandi ngo kiretse ko kamufasha kwigurira ivyo akeneye atabisavye umushingantahe wiwe, ngo karanamufasha gusahiriza umuryango mu buryo buboneka.

Kuki yahisemwo kwiga kumwa?

Karita Uwimana* ariko aramwera aho asanzwe akorera

Ikinyamakuru Shikiriza kimubajije aho yakuye iciyumviro co gutangura kumwa, yagize ati:
« Maze guheza amashure, ntivyakunze ko ndonka akazi. No kwiyungunganya ngo nikorere utwanje vyarananiye. Nari mbeshejweho n’udufaranga duke duke umushingantahe wanje yaronka. Mu rugo ntivyari vyifashe neza. Umusi umwe, nabonye umukenyezi akora akazi ko kumwa. Vyatumye numva ko naje nobishobora maze nca ndatangura kuvyiga« .

Uwo mukenyezi yasiguye ko ikindi camufashije cane ari uko umushingantahe wiwe yari asanzwe afise ikibanza co kumwa. Vyahuriranye n’uko umukozi yahora akorana n’uwo mugabo wiwe yahevye akazi, maze aca acokera muri ico kibanza ciwe. Tumubajije ukuntu umushingantahe wiwe yavyakiriye, yagize ati: « Vyaramuhimbaye cane. Yarandihiye uburyo bwo kwiga yongera arantera intege« .

Intango yama igoye

h

 

 

 

 


Aho Karita Uwimana* asanzwe amwera akongera akadandariza utuntu dutandukanye

 Uwimana yayagiye Shikiriza Burundi ko mu ntango bitoroshe ko abantu bamumenyera. Benshi ngo bazana abana bonyene. Ikindi, ngo yaragira ubwoba bwo kwakira abantu bamwebamwe kuko yibaza ko yobamwa nabi hanyuma bakamushwanira. Ngo n’imashini yaramugoye cane kumenyera.

Yagize ati : « Ubwa mbere narajugumira cane mu maboko, maze icuya cinshi kikisuka mu biganza ».

Naho vyari uko, aremeza ko ata wigeze amuca intege. Ahubwo riho ngo  benshi bagira amakenga yo kumobwa n’umukenyezi, maze bigatuma baza kwimwesha mu buryo bwo kumugeza. Ngo vyatumye bukebuke bamumenyera, mbere ubu hakaba hari bamwe batamubonye batemera kwimwesha.

Uwo mukenyezi asigura ko intambamyi imwe agihanganye na yo ari uko ikibanza akoreramwo ari gito. Iyindi ngorane afise ngo ni uko ibikoresho akoresha ari ivya kera, bitakigezweho. Ivyo rero ngo bica bituma hari abantu bamwebamwe bataza kuhimosha. Ngo ni naco gituma yahisemwo gufatanya ukumwa n’ukudandaza utundi tuntu dutandukanye. Izo mpamvu yatuyagiye aho hejuru ngo zituma uburyo ahakura buba buke, ku buryo butomutuma atera imbere nk’uko avyipfuza.

N’ubwo ivyo vyose bitamworohereza, ngo ako kazi karatumye ubuzima bworoha mu muryango kuruta uko bwahora. Ikindi, ngo ibintu vyinshi yazera ku mugabo ubu aravyigurira. Ndetse ubu ngo hari n’abakenyezi baza kumusaba ngo abigishe na bo. Rero ngo arishimira ko ariko arabera akarorero abandi, akongera akikenura muri twinshi. Avuga ko abigeme benshi boba batinya gukora ubuzi bumwebumwe kuko batinya uko abantu bobiyumvira. Ahandi naho ngo usanga uburyo busabwa ngo bige kubukora bubagora kuronka.

Hirya no hino mu gihugu, abakenyezi co kimwe n’abigeme bariko barajijuka. Ubu ubuzi bwahora bufatwa nk’ubw’abagabo nko kwubaka, kumwa, kwunguruza abantu n’ibintu n’ubundi bwinshi basigaye babukora. Yamara haracari urugendo runini kugira ngo abakenyezi bashobore kwiteza imbere banijukire gukora ubwo buzi, kuko hakiri abacikumira.