Belyse Imunkurize: Umwigeme basigaye bita “Makara”

Mu gihe mu ntambamyi nyamukuru zihanze urwaruka rw’Uburundi harimwo ukutagira akazi, hari abamaze kubona inzira yo kubivamwo. “Uwuvunitse ntayoberwa gucumbagira”, abakera bagiye bayamaze. Ngo ntakugereranya ic’umuntu yize n’ico atagerezwa gukora. Imunkurize Bélyse, umwigeme aba mu Carama, aradushingira intahe y’uko yabigenjeje kugira ngo mu mwanya atararonka akazi k’ivyo yigiye ntagume yicaye, asegerereza buri kantu kose akeneye.

Buri mwaka abanyeshure barenga 3000 barasohoka ama kaminuza atandukanye ari aha mu Burundi. Amakaminuza arenga 49 akaba ariyo asohora abanyeshure buri mwaka. Abenshi muri bo bagasohoka badafise iciyumviro c’ivyo bagiye gukora mu gihe Reta canke abigenga batobaha akazi kajanye n’ivyo bize. Hagati aho, mu cirwa ca kozwe, vyagaragayeko abakozi bagera ku 120.000 ari bo Reta ikoresha mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu. Nayo mw’isekeza ryo kwandika urwaruka rwahejeje amashure ariko rutagira akazi ryabaye muri uyu mwaka uheze w’2020, abashika 400.000 akaba aribo biyandikishije. Bivuga ngo naho abakozi ba Reta bose bohava, igatanga akazi gushasha, abari munsi y’ica gatatu gusa c’abo ari bo boshikirwa.

Ivyo hamwe n’ibindi bikaba bituma, urwaruka rumwe rumwe rutangura kwijukira kwishingira imigambi y’iterambere, yo nzira yindi ishoboka yo kurwanya ibura ry’akazi n’ubukene mu rwaruka. Ntankeka, ubu, ni bake boba batarumva akamo kagira gati: “Naho mwiga nta biro bizobakwira mwese bihari. Ihangire imirimo”. ‘Kwihangira imirimo’, ikinyarwanda cahavanye gifata ikibanza mu mvugo ndundi ariko gisigura ‘kwitunganiriza umugambi w’iterambere’ canke ‘kwiha akazi’ mu Kirundi.

Imunkurize Belyse ni umwe mu rwaruka rwize rwahuye n’iyo ngorane ihanze urwaruka nka we. Aha, akatwiganira uko ariko aragerageza kuvyifatamwo kugira ahangane rugabo n’iyo ngorane.

“Inyuma yo kurangiza ivyirwa vyanje kuri kaminuza y’ikiyaga Tanganyika (Université du Lac Tanganyika de Bujumbura), mu gisata c’ubutunzi, naricaye ndiyumvira ico nokora conyinjiriza amahera nkabona kutazoguma ngora umuryango n’inyuma y’amashure”, Ivyo bikavurwa na Belyse Imunkurize.
Ngo ntiyarabiye urupapuro rw’umutsindo afise, ivyo yize ndetse n’ivyo abamubona bazovuga. Yaciye yiyumvira atako atangura gukora ‘urudandazwa rw’amakara’. Aha, intambamyi mu ntango z’uyo mugambi ngo ntizabuze. Akabitwiganira agira ati:

“Haruhande yo kutagira umutahe, narahize aho no korera uwo mugambi ndahabura. Nararondeje gushika ndaronka umu mama antiza ikibanza ndubakisha ndatangura gukora nkoresheje amahera bari bampaye ngo nje kuriha kw’ishure kugira nshobore gusoma igitabu co kurangiza amashure yanje. Ariko kandi inyuma y’ivyo vyose, intambamyi zagumye zirwira. Ngo mama ‘ndasarishije’ ngo narize sinodandaza amakara. Ngo ndi umwigeme ngo sivyiza ko nisiga umunyota uraho ngondiko ndandaza amakara. Ngo ako kazi ntikambereye. Ariko vyose ndabirinda, ndasenga Imana iramfasha kuvyihanganira kuko na none cari igikorwa niyumvamwo. Ubu nkaba ngiye gukwiza amezi abiri ndabikora. Abantu bo muri aka karere bakaba baza baramenyereye.”

Inyungu amaze kuronka muri uwo mugambi ariko arakora.

Belyse Imunkurize (i buryo) arikumwe n’umuguzi ariko aramushorera

Kw’ibarabara ryitiriwe Gatabo (Avenue Gatabo) riri muri karitiye Carama III, zone ya Kinama, komine Ntahangwa yo mu gisagara ca Bujumbura; hafi y’urushengero rw’aba ‘orthodoxe’, aho uwo mwigeme akorera, abenshi ngo baramaze kumumenya. Ivyo bikava kuko ngo ariwe mwigeme rudende muri ako karere adandaza amakara akayidandariza we nyene atawe arinze kubiragiza. Ivyo, akemezako vyamurwirije abagenzi hamwe n’incuti.

Ngo hampande y’ivyo ng’uwo murimo wiwe waramufashije gushira mu bikorwa ivyo yize kw’ishure wongera umufasha kumenyerana n’abantu hamwe no gukorana nabo. Ikindi naco ngo n’akanyungu naho kadashemeye cane nako nyene arakaronka. Ivyo vyose bikamutuma agira ati:
“Naho nzoba ndi umushikiranganji, amakara sinzoyaheba. Ni umugenzi wanje, nzoguma ndayadandaza. Ubu hoho si nokuba umugenzi wanje gusa, yaranampaye n’akandi kazina. Ubu bantazira MAKARA. Muri make kudandaza amakara bindimwo kandi ubu ndabinezererewe.”

Ingorane ahura nazo muri iki gihe?

Aho Belyse Imunkurize adandariza amakara 

Ngo mu ntambamyi nyamukuru ahura nazo muri iki gihe ngo ni ahanini agatahe gato afise. Agira ati : “Inyuma yo kujana amahera y’ishure bari bampaye kugira ngo nshobore kuronka ivya ngombwa vyo kw’ishure, ubu nsigaye atagatahe mfise. Nsigaye ndandaza iyo naronse uwumpa amakara nkamuriha mpejeje. Nkaba nsaba umubanga yonyongerereza agatahe kugira mbandanye niyungunganya atankomanzi.”

Kukijanye no kwitura BIJE, PAEEJ hamwe n’ikigega FIGA akavugako, hampande yo kwumva bavugako bishigikira imigambi y’urwaruka, atazi ko umuntu umwe ashobora gufashwa n’ivyo bigo.

Akamo

Imunkurize Belyse basigaye batazira “Makara” asaba urwaruka gukenyera zikaguma, bakiruka ku bukene hamwe n’ “ubushomeri” vyugarije urwaruka ahanini. Aha akagira ati:
“Kwiga ni kimwe, gukora n’ikindi. Umwanya utararonka akazi k’ivyo wigiye, umuntu yoraba ico yoba arakora kugira yiyungunganye. Intambamyi ntizibuze ariko iyo uronse ico wumva ukunda woba urakora, wogikora utitayeho amajambo yaba n’abariya. Imigambi umenga irasuzuguritse ku bize niyo iteza imbere umuntu. Ivyo bisaba gusa ni ukutagira amasoni, gukerebuka hamwe n’ukuzinduka. Ibisigaye vyose birashoboka.”

Nayo ku buryo bw’umwihariko agira ati:
“Abigeme n’abakenyezi ndabasaba kurondera no kurya ivyo babiriye akuya. Ni n’aho atawuzobakengera, atawuzobatesha umutwe abafata ukoyishakiye kuko bazoba bafise aho bikora mu kintu cose bakenera.”

Nayo ngo ku nzego zibishoboye, bokomeza gushigikira bimwe biboneka urwaruka n’abakenyezi no kuborohereza mu migambi yabo y’iterambere. Aha akadoma urutoki ku ngorane nyamukuru urwaruka rufise mu kwitunganiriza imigambi: ubumenyi buke mu bijanye no kwitunganiriza imigambi, ukubura umutahe wo gutanguza imigambi y’iterambere hamwe n’amategeko ajanye n’imigambi y’iterambere hamwe n’amakori ku bagitangura.