Burundi: Uguturatuzwa kw’abakenyezi n’abo bubakanye n’ubu biracahari

Ituratuzwa ry’abakenyezi riracibonekeza mu ngo zimwe zimwe. Ivyo, iyo bishitse, mu rugo ngo ntibiheza bigende neza kuko umukenyezi adaheza nawe ngo akurikirane neza abo aba ajejwe kurera. Abakera nibo bayamaze bati: “Nta mwonga ubura isato iba idahizwe”, muri iki kiringo c’iminsi 16 y’isekeza ryo kurwanya amabi afatiye ku gitsina, inkuru ya Evelyne Ndayishimiye irerekana ko iryo sekeza ryaje hageze.

Si agaseseshwa rumuri amabi afatiye ku gitsina aracibonekeza hano mu gihugu cacu ndetse no muri Afrika nzima. Ivyo biri uko kandi mu gihe kuwa 25 Munyonyo uko umwaka utashe Uburundi bwama bwifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurandurana n’imizi amabi akorerwa abakenyezi. Kuva kuri iryo genekerezo nyene gushika kurya 10 Kigarama hakaba haca hatangura isekeza ry’iminsi 16 rihamagarira abantu bose kurwanya amabi ashingiye ku gitsina. Abakera barayamaze ngo: “Nta mwonga ubura isato iba ari uko idahizwe”, Evelyne Ndayishimiye ni umwe mu bakenyezi ayo mabi yakozeko.

Amabi akorerwa abakenyezi canke ihungabanwa ry’agateka kabo bikorwa kwinshi. Ariko kandi bishika mu gihe abari mu mashirahamwe yigenga adasiba gusemerera. Ndetse ivyo, na Reta y’Uburundi ikaba idasiba kugira utwigoro dutandukanye kugira ngo ayo mabi aranduranwe n’imizi.

None Evelyne Ndayishimiye ni inde?

Evelyne Ndayishimiye ni umukenyezi agendana ubumuga. Yavukiye muri komine Gihanga y’intara ya Bubanza. Ubu, uwo mukenyezi akaba yubakanye n’umugabo umwe bakaba bamaze kuvyarana abana batatu (abahungu babiri n’umukobwa umwe). Ariko nk’uko bishika rimwe na rimwe bikagora abandi barundikazi bamwe bamwe iyo bagiye mu Burundi, nawe nyene inyuma yo kwubaka ntivyagumye vyose vyera de. Umufasha wiwe ngo ntamworohereza.

N’aho uwo bubakanye batabanye mu buzima bworoshe, ntibasiba ariko kwibaruka. N’ubu Evelyne akaba afise umwana akiri muto yonka. Ariko ngo n’igihe aba akuriwe, umufasha wiwe ngo ntaco ahindura kubijanye n’uko asanzwe amufata.

Ingorane afise

Aho twamusanze arikumwe n’abana biwe babiri ku muhana aho yasavye indaro ku mutumba wa Ndava-busongo, komine Gihanga y’intara ya Bubanza (raba kw’isanamu), biragaragara ko atabayeho mu buzima bworoshe na gato. Aho ni inyuma yaho aviriye mu kazu yahora abamwo kuri uwo mutumba nyene kabomotse kose. Imbere y’uko kadenduka, uhashitse ukaba utarikumenyako hari uwuhaba utamusanzeho. Imvura iguye ho vyaba ari ibindi. Igihe tumusanga aho atuye, Evelyne Ndayishimiye akaba yarashoboye kutwiganira ubuzima abayemwo.

“Aha mubona niho mba. Tubana n’umugabo wanje ariko arandiriye mu nzu. Kiretseko ahogukika umusaya hadashemeye, n’aha ni aho dusavye indaro. Si iwacu. Aho twahora ho hari munsi y’aha. Na nyawayo, haba aha canke aho twahora, ntaco yigeze adufasha, jewe n’abana banje. Tubayeho mu buzima butoroshe na gato”.

Arongera kandi ngo:

“Aragenda guca ingero namwarirya jewe ntabishoboye kubw’ubumuga ngendana, ariko ntanarimwe yiyumvira ivyoteza imbere urugo n’aba bana dufitaniye. Kenshi ataha yaborewe rimwe na rimwe agashika ankubita akanyomora. Aha dufungura ku gihamana. Umwana mukuru afise imyaka umunani naragiye kumusabira indaro ahandi. Se ntaco amufasha no kwiga ntiyiga kuko jewe ataburyo noronka bwo kumwigisha”.

Evelyne Ndayishimiye akaba yabandanije atubwira ubuzima butoroshe arimwo. Aha, akavugako amaze guta urugo kenshi ariko akagaruka kubera impuhwe y’abana bavyaranye n’uwo mugabo. Ku kibazo kijanye n’igituma ata nzu afise, amosozi yamutanze hasi araheza agira ati:

“Aha jewe naragowe. Aha mubona nagiye gusembera ntari mbuze aho mba. Aho mperuka kuva hari mu kazu nari narubakiwe n’abo mw’ishengero rya EEAC (Eglise Evengelique de l’Afrique Centrale). Baramfyaturiye, baranyubakira, batako baransakarira n’utwatsi ndetse barangurira n’umuryango hamwe n’idirisha. Ariko kubera ububegito bw’umugabo wanje, karabomotse kose gushika n’aho tuza gusaba indaro hano. Yatanguye kugurisha umuryango n’idirisha. Kubera atamagara mfise, imvura yaraguye inzu ihava irava, irajoba, ihava iransenyukirako yose. Kugeza ubu, sindasubira kuronka abagiraneza bomfasha bakanyubakira.”

Ngo umugabo wiwe baragerageje kumufunga akatari gake ariko arekuwe, bukeye rimwe asubira muri za ngeso zo guturubika uwo mukenyezi wiwe.
Kubw’ivyo vyose, Evelyne Ndayishimiye arataka agatakambira uwo wese abishoboye kumufasha. Agira ati:

“Ndateye akamo abarundi bafise umutima wo gufasha kungarukirako, bamfashe nshobore kuronka akazu, aho nkika umusaya n’abana banje. Ndateye akamo amashirahamwe afasha bantahonikora n’abagendana ubumuga kungarukirako nanje. Muri iki gihe c’imvura ho vyarunyutse. Ingorane mfise ni nyinshi cane ariko aho gukika umusaya, utwambarwa n’utwo gufungura biza imbere mu vyo nkeneye. Nkasaba abajejwe intwaro kandi kumfasha kugira ngo ninaronka abagiraneza bamfasha, umushingantahe wanje ntazongere kwonona ivy’umuryango namwarirya jewe ntakibasha.”

Umushingantahe wa Evelyne Ndayishimiye twaramurondeye kugira tumubaze ico avuga ku buzima umuryango wiwe ubayemwo turamukena. Ariko ikigaragara co ni uko ubufasha bwo bukenewe kugira uwo mukenyezi n’abo bana biwe baronke aho bakika umusaya, utwo bafungura n’utwobambara ndetse n’abana bageze kuja kw’ishure bashobore kwiga. Amashirahamwe n’abandi bakurikiranira hafi ibijanye n’agateka k’abakenyezi n’ak’abana bobagarukirako gutyo ibivurwa, ivyandikwa n’ivyigishwa muri iri sekeza ry’iminsi 16 yo kurwanya amabi afatiye ku gitsina bikaja mu bikorwa.