Muha: Abakoresha ECOCASH baratekewe n’ubwoba

Abakoresha ubuhinga bwo guhanahana amafaranga hakoreshejwe amaterefone, “Ecocash”, baratekewe n’ubwoba inyuma y’itangazo OBR yasohoye. Ikigo OBR kikaba gisaba amabanki yose ishirahamwe Éconet, ubwo buhinga bwegukira, ifisemwo amakonte ko amafaranga ariyo boyashira ku makonte ya ARCT N° 02104582353 yakira amafaranga y’amarundi no ku N° 01104583840 yakira amafaranga y’amadorare. Abenegihugu bo muri komine Muha basabá gusubizwa uburyo bwabo buri muri ubwo buhinga bakaba bidoga ko batoroherezwa. Abenegihugu bo muri komine Muha, Zone Kanyosha, bakoresha uburyo bwo kubika no kubikura amafaranga bakoresheje igisata Ecocash baridogera  ishirahamwe Éconet. Vyose vyatanguye kuwa 24 Nzero 2023,…