Uko yavuye mubarondera akazi akaja mu bagatanga

Evariste NZEYIMANA ni umwe mu rwaruka rwashoboye kwitunganiriza umugambi wo kwiteza imbere no guteza imbere abandi biciye mu gushinga ishirahamwe ryitwa SOIMS (Société Iterambere Mu rwaruka Service). Iryo shirahamwe risanzwe rikorera mu gisagara ca Bujumbura, mu kiringo kitarenga imyaka ibiri rimaze rikora rikaba rimaze guha akazi urwaruka rugera ku 500. Yaba uwaritanguje ndetse n’abarikoramwo bose barashima aho ribagejeje mw’iterambere naho intambamyi zitabuze. Ishirahamwe SOIMS (Société Iterambere Mugwaruka Service) ni rimwe mu mashirahamwe akorera mu gisagara ca Bujumbura mu gisata co guhuza abakozi n’abakoresha ndetse no kwigisha abipfuza akazi kugira baze…