Ikiruhuko co mu ci: akaryo keza kuri bamwe, umusaraba ku bandi

Abanyeshure buca baja mu buruhuko bw’amezi hafi abiri. Bamwe mbere baza baramaze no kubwinjiramwo. Ariko, nk’uko bitegekanijwe n’itegeko ry’ubushikiranganji bw’indero, uburuhuko buzotangura neza na neza kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 8 Mukakaro 2022. Iki gihe c’ano mezi abiri ngo ni akaryo keza ku bana no ku bavyeyi ko kuvyaza umusaruro, naho nyene bitabonwa kumwe na bose.

Nk’uko tubisobanurirwa na kazinduzi, ikiruhuko ni akanya utaba uri ku kazi ka minsi yose wahora wamamwo. Ku bakozi batandukanye, ikiruhuko ni umwanya bahabwa n’abakoresha babo, maze bakawumara batari ku kazi kabo ka minsi yose. Ku banyeshure naho, ikiruhuko ni umwanya uhabwa abanyeshure ngo baruhuke maze bakawumara batariko bariga nk’uko vyahora. Dufatiye kw’abo banyuma, aha mu Burundi, abanyeshure bahabwa ibiringo bitatu vy’ibiruhuko mu mwaka w’ishure.

Ubwa mbere, ico kiringo bagihabwa iyo igice ca mbere giheze, bacita ikiruhuko ca Noweri. Aho, abanyeshure bararuhuka ikiringo c’indwi imwe. Muri ico kiringo, abanyeshure barafata akanya ko kwirimbura uko bashoboye gukora mu gice ca mbere kugira babone aho bazoshira inguvu mu gice gikurikira kugira bazogire umwimbu usumbirije umwe wa mbere.

Igice ca kabiri naco giheze barasubira kuja mu kiruhuko. Ico naco citwa ikiruhuko ca Pasika. Naco nyene kimara indwi imwe. N’aho nyene ico kiruhuko giha akanya abana n’abavyeyi ko kurimbura uko ingingo bari bifatiye zo kuduza umwimbu w’igice ca mbere zagenze kugira bashobore gufata umwanzuro w’ukugene umwaka bazowurangiza. Umwaka uheze naho haza ikiruhuko co mu ci. Ico kiruhuko kikaba kimara amezi abiri.

Mukakaro na Myandagaro: Ikiruhuko co mu ci kitabonwa kumwe na bose

Mukakaro na Myandagaro ni amezi abiri y’ikiruhuko co muci, abanyeshure benshi bakaba bacita ikiruhuko gikuru. Uno mwanya ni ikiringo abanyeshure bamara bari muhira n’abavyeyi babo eka n’abo bavukana basanzwe batiga. Iki kiringo ni kirumara ku bana no ku bavyeyi kuko ngo gituma abana bigishwa ubundi buzima bwo muhira mbere no mu kibano.

Umwe mu bavyeyi twayaze afise abana batandatu yatwiganiye agira ati: “Mfise abana batandatu. Nk’ubu nahora mfise umuyaya n’umuboyi ariko ubu ngiye kubaha akaruhuko basubire iwabo bazogaruke amashure atanguye.”

Uwo muvyeyi akabandanya agira ati: “Muri kano kanya nca ngaburira ibikorwa abana bivanye n’imyaka barimwo, umwe wese akagira ico afashije mu rugo ku buryo ibikorwa vyahora bikorwa n’abakozi vyose babikora. Ivyo ndabibamenyereza kuva bakiri bato cane gutyo bakabikuriramwo.”

Uwo muvyeyi abandanya atubwira kandi ko ivyo bituma abana biwe bakura atagafyinyi bafise, ngo naho vyoshika akitaba Imana ngo bituma atampungenge yogira kuko bazoshobora kwitunga.

Ariko rero naho bimeze uko ngo hariho n’abandi benshi iki gihe kibera ingorane cane cane abo mu bisagara nk’i Bujumbura ndetse no mu bindi bisagara. Abo nabo ico kiringo gishobora kubera ikibazo akaba ari cane cane abavyeyi. Kuri abo rero, ngo ntibipfuza ko iki gihe gishika kuko abana babo baca batangura kubagora. Aha twovuga nk’abana usanga ico gihe ariho biga ingeso mbi nk’ubuhumbu, kunywa ibiyayuramutwe, ubuyererezi n’ibindi. Umwe mu bavyeyi baba mu gisagara ca Bujumbura twaganiriye akaba yagize ati: “Jewe kubera ntarangwa muhira, kino kiringo kirambabaza kuko abana banje nsanga bagiye kuyerera. Kubera ivyo mbere, muri kino kiringo, nafashe ingingo yo kuzobarungika ruguru kwa ba inakuru babo.”

Umwanditsi wo mu Bwongereza, Osbert Sitwell, niwe yagize ati: “Indero yanje nayironkeye mu gihe c’ibiruhuko”. Mu vy’ukuri ngo indero izofasha urwaruka kubaho, umuntu ayironkera kw’ishure ndetse no muhira, cane cane mu gihe c’uburuhuko. Abavyeyi rero ngo bategerezwa kuhagabira ako karyo ntibagapfishe ubusa bahe abana ivyo bategerezwa guhabwa mw’iki gihe c’uburuhuko. Amezi abiri ni kirumara. Abana ngo bategerezwa guhabwa udukorwa tw’iminwe two gukora kugira ayo mezi bayavyaze umusaruro hakuguma bayerera mu mabarabara arivyo biheza bikabakwegera mu ngeso mbi.

Reta nayo nyene nk’uko yabigize umugenzo yobandanya itegura yongera ishigikira ibikorwa vy’urwaruka mw’ibi bihe vy’uburuhuko ibicishije mu makambi y’ibikorwa bituma abana bakundishwa igihugu n’ibikorwa kuko aribo Burundi bw’ubu, ubw’ejo n’ubwa hirya y’ejo.