Indwara yo mu kigo: indwara ivugwa igakira kandi ku buntu

Indwara yo mu kigo ni indwara ihari mu Burundi ariko ipimwa ikongera ikavugwa igakira neza kandi ku buntu. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa 02 Nyakanga 2022 mu ruganda rwo guhimiriza no gutanga amakuru ajanye n’iyo ndwara gwatunganirijwe abamenyeshamakuru i Bujumbura. Uruganda gwabaye akaryo keza ko guca irya nino ibijanye n’iyo ndwara yo mu kigo aha iwacu mu Burundi.

Mu Burundi, indwara yo mu kigo iracibonekeza. Ivyo bibonekera mu cegeranyo kiva mu kigo Urumuri kiri mu ntara ya Gitega. Kuva gishingwa mu mwaka w’2010 n’abaganga batagira imbibe “Médecins Sans Frontières”, ico kigo cishinze gupima, kuvura no gukurikirana abafashwe n’indwara yo mu kigo ngo kiramaze kwakira abashika 3.029 nk’uko vyemezwa na Ananie Ndacayisaba, muganga arongoye umugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza. Uwo muganga akemeza kandi ko indwara yo mu kigo isuzumwa, ikavugwa gushika igakira neza. Ivyo vyose bigakorwa ku buntu muri ico kigo Urumuri c’i Gitega.

Nk’uko bishikirizwa na Muganga Yolande Magonyagi, indwara yo mu kigo ni indwara ifata abakenyezi canke abakobwa bahejeje kuvyara cane cane abavyaye bigoranye. Maze iyo ndwara ikagaragazwa n’umwanda mukuru na mutoya bica hamwe mu bwami bw’umukenyezi agaheza akaza arajojota umwanda muto na mukuru. Muganga Magonyagi akabandanya avuga ko ivyo bituma uwufashwe n’iyo ndwara ubwa mbere yikumira ariho bakuye iryo zina ryayo “indwara yo mu kigo” kuko uwo yafashe aca aguma mu nzu.

Muganga Yolande yongerako kandi ati : “Uwugwaye iyo ndwara yo mu kigo, abantu baramunena bigatuma bimuviramwo ihahamuka kuko acabona ko ataco akimaze mu muryango.”

Ababangamirwa n’indwara yo mu kigo n’ico ahanini ivako


“Abarwaye indwara yo mu kigo barakumirwa bigatuma bumvako ataco bakimaze”

Abakunda gufatwa n’indwara yo mu kigo ni abakenyezi bari hagati y’imyaka 30 na 34 hamwe n’abari hagati y’imyaka 20 na 24. Intara na zo zibonekezamwo abamaze kuyandura benshi ni Muyinga, Cibitoke na Kirundo. Izimaze kw’ibonekezamwo bake bake ni igisagara ca Bujumbura, Muramvya na Mwaro. Muganga Yolande Magonyagi ajejwe ivy’irondoka mw’ishirahamwe UNFPA akavuga ko ibiharuro vy’abandura iyo ndwara bigenda biragabanuka kubera abakenyezi bagenda bijukira kwipimisha no kuja kwibarukira kwa muganga.

“Ubu abakenyezi bafise imbanyi bagera kuri 85 kw’ijana (85%) basigaye bibarukira kwa muganga. Iyo ni intambwe nziza ariko ikeneye kubandanya ishimangirwa.”

Tudashize inyuma ukutamenya kw’aba n’abariye kwibonekeza ku bijanye n’indwara yo mu kigo, indwara yo mu kigo ngo iterwa ahanini no kutibarukira kwa muganga canke guteba kuja kwa muganga, umuvyeyi akamara amasaha menshi kugwahi arivyo biheza bikamuviramwo akarambaraye, kuja kurongorwa hakiri kare hamwe mbere n’abakobwa batwara imbanyi batarakwiza imyaka 18 n’ibindi n’ibindi.

Ivyigwa vyakozwe birerekana ko abana bagera kuri 62 kw’ijana (62%) bavuka ku bavyeyi bafise ikibazo co kwandura iyo ndwara baca bitaba Imana. Ivyo rero ngo biratuma abavyeyi bihebura kuruta.

Izindi ngaruka mbi zishikira abarwaye iyo ndwara ngo ni ugukumirwa n’imiryango yabo. Abagabo bamwe bamwe bakirukana abagore babo n’ibindi.

Kubwa Muganga Gervais Barampanze akora mw’ishirahamwe UNFPA avuga ko abarwaye indwara yo mu kigo ari abo kuba hafi maze bagahimirizwa kuja kwa muganga kuko iyo ndwara ivugwa kandi igakira neza kandi vyose bigakorwa ku buntu n’ikigo Urumuri.

Isekeza ryo gupima no kuvura indwara yo mu kigo 2022


“Dufise ihangiro ry’uko mu mwaka wa 2030 atamukenyezi yoba akirwara indwara yo mu kigo”

Mu kigo Urumuri ngo abaganga barahari kandi ngo haranatunganijwe isekeza ry’ukwezi kwose kuva kuri uyu wa 05 Nyakanga gushika kuwa 05 Gitugutu 2022. Iryo sekeza ritegekanya kuvura abashika ijana bavuye mu mihingo yose y’igihugu. Abafise ikibazo c’iyo ndwara ngo bazofashwa n’umuganga w’inzobere mu kuvura iyo ndwara akomoka mu gihugu ca Mali afadikanije n’abaganga b’abarundi bavyigishijwe.

Muganga Ananie Ndacayisaba ahamagarira umwe wese kugira ico aterereye mu guhimiriza abenegihugu kugira iryo sekeza rizogende rifashije abafise ico kibazo bose.

Uwo muyobozi w’ikigo ca Reta kijejwe irondoka rijanye n’amagara meza akabandaya avuga ko n’inyuma y’iryo sekeza abarwayi bazobandanya bakirwa, bapimwa bongera bavugwa kandi ku buntu. Agira ati: “Ikigo Urumuri kiri mu ntara ya Gitega kibandanya kandi kizobandanya cakira abakenyezi bafise ikibazo kijanye n’indwara yo mu kigo. Haba mu kiringo c’isekeza canke inyuma yaco kizobandanya kibikora kuko nivyo cabereyeho. Ico kigo kandi kiriko kirafasha bimwe biboneka kugira ngo mu mwaka 2030 mu Burundi ntihazobe hakirangwa umukenyezi canke umwigeme n’umwe afatwa n’iyo ndwara.”

Kugira indwara yo mu kigo bikunde iranduranwe n’imizi, abakenyezi canke abigeme basabwa gupimisha imbanyi hakiri kare, imbere y’amezi atatu, gutyo bagakurikiza impanuro bahabwa n’abaganga. Basabwa kandi kwirinda kwibarukira muhira ariko bakihutira kuja kwibarukira kwa muganga bacumva ibimenyetso vya mbere. Abakiri bato nabo basabwa kwirinda gutwara inda batarakwiza imyaka 18. Abakenyezi basabwa kandi kwirinda gusama imbanyi z’urutavanako bakijukira gukoresha uburyo bwo gutandukanya imbanyi bakivyara. Hanyuma imbanyi yose ikaba isoko ry’umunezero hakuba intango y’amagorwa.