“Kwandura imicafu itabora ni igikorwa ciza kandi gitegerezwa kubandanya”

Komine Ntahangwa ni imwe mu makomine agize igisagara ca Bujumbura amacupa n’udusaho bitabora vyibonekezamwo ku bwinshi. Ivyo vyatumye abagize ishirahamwe CMAAO Afya Bora hamwe n’abagize ihuriro “Babandi” bikora ku mashirahamwe bafashanya kugira batunganye ibikorwa vyo gusukura ahibonekeza cane iyo micafu. Ico gikorwa akaba arico cari kiramutse gikorwa kuri uyu wa gatandatu uheze n’amajambo ndetse arashikirizwa.

Aha na hariya muri komine Ntahangwa ndetse mu gisagara nka cose ca Bujumbura, imicafu igizwe n’uducupa n’udusaho tutabora iribonekeza ku bwinshi. Mu ntumbero yo gusukura igisagara no guhimiriza abenegihugu kugira isuku aho baba canke bakorera, haratunganijwe kw’igenekerezo rya 2 Mukakaro 2022, ibikorwa vyo gusukura igisagara ca Bujumbura, muri komine Ntahangwa. Ivyo bikorwa bikaba vyatunganijwe n’ishirahamwe CMAAO Afya Bora, ihuriro Babandi, umuhari w’abascout hamwe n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bafadikanije n’ayandi mashirahamwe atandukanye nka APADECO n’ayandi. Ibikorwa vyahereye aho benshi bita “Gare du Nord”. Abari aho, baciye bica mwo imigwi. Bamwe badugana ibarabara rya 6 ryo muri zone Kamenge, abandi badugana irya Gasenyi nayo abandi bafata ibarabara ry’igihugu nomero imwe, RN1, kugira bose baze guhurira mu mahwane yo mu Mirango aho benshi bita “Rond point y’iwabo n’abantu”. Aho hose bakaba bagenda baratoragura imicafu itandukanye igizwe ahanini n’amasashe hamwe n’amacupa atabora yari ku nkengera z’ayo mabarabara no mu miserege.

Ivyo bikorwa bikaba vyatumye bamwe n’abandi bagira ico bavuze ku ngorane ziterwa n’iyo micafu n’umuti wotorwa kugira isuku ry’ubahirizwe. Umukuru w’ishirahamwe CMAAO Afya Bora, Eloge Nineza, yagize ati: “Ikibazo co kwandura imicafu igizwe n’ay’amasashe n’amacupa atabora n’igikorwa gitegerezwa kubandanya kuko ku musi umwe nticohera. Ni n’igikorwa ciza kandi gituma duhimiriza abenegihugu kudata imicafu aho babonye hose ku neza y’isuku ry’igisagara”.

Bamwe mu bitabiriye isekeza ryo kwandura imicafu itabora bariko barapakira imwe mu yo banduye

Umukuru w’ishirahamwe APADECO Burundi, Fabien Bimenyimana, nawe yagize ati: “Iterambere rusangi riri mu vyo dushira imbere, niyo mpamvu twitavye ibi bikorwa vyo gusukura igisagara ca Bujumbura kugira twegeranye ubu busashe n’aya macupa kuko biri mu bituma ibidukikije bibangamirwa. Tugahimiriza kandi kurwiza ku mabarabara ibikono vyo gutamwo imyanda kugira abantu bazoze baratamwo ayo macupa atabora”.

Nayo uwurongoye ihuriro Babandi, Elvis Jimmy Vyizigiro, yasavye intwaro guhimiriza abenegihugu barangurira imirimo kuri RN1 ku data amasashe canke amacupa ku nkengera y’iryo barabara canke mu muserege uheruka kwubakwa kw’iryo barabara n’ikigo c’igihugu kijejwe ivy’amabarabara, ARB. Yasavye kandi abajejwe intwaro, nibabona bikenewe, baze babatumeko bagaruke kubandanya ico gikorwa.

Bamwe mu bari bitabiriye iryo sekeza ryo gusukura igisagara

Mu gusozera ibikorwa n’amajambo vy’uyo munsi, Ir Emmanuel Nzeyimana, umuhanuzi wa musitanteri wa komine Ntahangwa ajejwe ibikorwa n’inyubako, yarashimiye ahanini abiyumviriye ko ico gikorwa cobera muri komine Ntahangwa. Yarashimiye kandi n’abitabiriye ico gikorwa bose. Yabandanije agira ati: “Ndabasavye ko mwodusabira ama ‘poubelles’ mubo mufashanya kugira tuyashire ahantu hose hahurira abantu benshi”. Ir Nzeyimana akaba yarangije yemeza ko agiye kuvugana n’abo bafadikanije kurongora komine kugira barabe uko bohimiriza abenegihugu kudata imicafu ibora n’iyitabora ahariho hose.

Tukabamenyesha kandi ko ivyo bikorwa vyaranzwe n’ubukerebutsi n’ubwira vy’abari bitavye ivyo bikorwa. Ibikorwa vyari bifashwe kandi mu mugongo na Interbank Burundi, Econet na Aquavie Liquids.