Uburuhuko: Igihe co gufasha abatishoboye ku bana b’i Gitega.

Mu gihe hamwe hamwe mu gihugu no mu myaka iheze i Gitega babonako uburuhuko ari umwanya wo kuruhuka, kurya, kuryama no gukina, abanyeshure bo ku mutumba Ntobwe, zone Mungwa, komine n’intara ya Gitega ubu si uko babibona. Ugufasha ba ntahonikora kuronka uburaro bwiza ngo nivyo bashize imbere.

Bose hamwe bashika 245. Abo banyeshure biga mu myaka itandukanye y’ishure nshingiro n’inyuma y’ishure nshingiro, abenshi bava mu bucimbiri bwa karera I, karera II, Karera rural, Masenga na Nyabisaka bugize umutumba Ntobwe, komine n’intara ya Gitega.

Hampande yo guhuzwa no kuba ku mutumba umwe, abenshi muribo basanzwe bahuzwa no kwiga ku mashure amwe hamwe no kuba mu mugambi wiswe « Kids VSLA Initiative ».

Umugambi watangujwe n’ishirahamwe World Merit Gitega ku bana. Uwo mugambi ukaba ufise ihangiro ryo kwigisha abana kuziganya, kuguranana no kwihangira imirimo na mwarirya na Reta yama isaba urwaruka kwiga amashure no kwiga kudaheza amashure ngo baye amaboko Reta ibahe akazi aho kukironderera bonyene. Uwo mugambi ukaba umaze umwaka urenga nk’uko tuvyiganirwa na Francine Nzokira arongoye World Merit Gitega, ishirahamwe ryatanguje uwo mugambi.

Iciyumviro co gufasha bantahonikora mu buruhuko.

Bisunze akamo ka Reta y’Uburundi gahamagarira abantu, inzego za reta n’amashirahamwe atandukanye gufasha mw’igenzura no kuba hafi abana mu gihe c’uburuhuko, abarongoye World Merit Gitega baciye biyumvira uko abana basanzwe bakurikirana mu mugambi « Kids VSLA Initiative » bagiye kubakurikirana mu buruhuko.

« Tubonye ikiruhuko cegereje twatanguye kwiyumvira ukuntu twokurikiranira hafi abana dusanzwe dukorana muri ‘Kids VSLA Initiative’. Duca turaraba kandi abantu bafise amikoro make badafise aho bakika umusaya ku mutumba wacu. Tubonako vyoba vyiza duhamagariye abana bacu bagiye mu buruhuko kuza ku bikorwa vyo gufasha ba ntahonikora mu kubafyaturira amatafari yo kwubaka uburaro bwabo », ivyo bikaba bishikirizwa na Francine Nzokira, arongoye World Merit Gitega.

Arongerako kandi ati: « Twaciye rero tubitunganya neza namwarirya atari n’ubwa mbere no mu mwaka uheze twabikoze. Duca tubimenyesha abavyeyi babo bana nabo nyene barabikunda, ibikorwa rero bica biratangura uburuhuko butanguye. Ihangiro ryacu rikaba ari gufyaturira ba ntahonikora 4 bo ku bucimbiri butandukanye bugize umutumba Ntobwe amatafari ibihumbi 4. Ubu tukaba tumaze guhereza uwa mbere, tukaba turiko dufyaturira uwa kabiri tukaba tugeze ku matafari 600. »

Uko uwo mugambi wakiriwe

Baba abavyeyi, baba abana ngo baranezerejwe cane n’ivyo bikorwa.

« Francine Nzokira asanzwe adufashiriza abana mu mugambi wo kubigisha kuziganya, kuguranana no kwiteza imbere yaradusavyeko abo bana twobarungika kugira baje gufasha ba ntahonikora mu kubafyaturira. Kuko n’ubundi abenshi muri bo mu buruhuko ataco baba bariko barakora, twaciye twemera kubatanga. None ivyo bariko barakora turabonako bifisee akamaro kanini. Turabikunda kandi n’abo bana nyene barabikunda cane », ivyo tukaba twavyiganiwe n’umwe mu bavyeyi barungika abana babo muri ivyo bikorwa.

Nayo ku bwa Irakoze Yvette, umwe muri abo banyeshure bitabiriye ivyo bikorwa, agira ati: « Ibi bikorwa biradufasha cane kuronka akanya kogukorera hamwe n’abandi bana tuva ku bucimbiri butandukanye. Hampande yokuba duhuriye muri « Kids VSLA Initiative » bikaduha kandi kwiyumvanamwo. Biradufasha kandi kwiga akazi no gukura dukunda gufasha ba ntahonikora. Biradufasha kandi kutaronka umwanya wo kuja mu bidusamaza n’ibitari butugirire akamaro. »

Intambamyi muri ivyo bikorwa

Francine Nzokira, asanzwe akurikirana cane abo bana, amenyeshako intambamyi muri ico gikorwa zitabuze na gato.

« Ntaburyo dufise. Abo bana tuba twipfuzako baje dushobora kubafungurira ku mutaga imbere yuko bataha kuruhuka, tukabagurira nk’agasukari, imbombo, ibitumbura, ibisuguti n’ibindi biryohera abana kugira tubatere intege bagume bitanga babona ko nabo bafashwe neza. Ariko kubw’ukubura uburyo ivyo ntavyo tubakorera. Iyindi nta mbamyi n’iy’uko abana ari benshi ugasanga ibikoresho ntibikwiye hakaba abaza ntibashobore gukora neza uko twavyipfuza. »

Yongerako kandi ati: « Mu nteguro yacu, ni uko abana bose bariko baradufasha ibi bikorwa mu mpera, bagira basubire kw’ishure, twobaha ibikoresho vy’ishure nk’amakaye, amakaramu n’imyambaro y’ishure. Ariko intambamyi dufise ikaba ari uburyo tutabona neza aho tuzobukura. »

Uwo arongoye World Merit Gitega akaba n’umuhuzabikorwa mu mugambi « Kids VSLA Initiative » akizerako aho bariko baradodora bazokwumva akamo n’ibisabisho vyabo bakabaterera maze abo bana bakazosubira kw’ishure bahimbawe kandi bafise ivyankenerwa vyose kugira bige neza.

Akamo

Bamwe muri abo bana bo ku mutumba Ntobwe bari muri ivyo bikorwa vyo mu buruhuko, batera akamo abandi bana kwijukira gukora.

« Kw’ishure baratubwiye ko igihe c’uburuhuko ari guhindura ibikorwa atari kuryama no gukina gusa. Abandi bana ndabasaba gufasha abavyeyi udukorwa two muhira no kuja mu bikorwa vy’ishirahamwe hampande yo gukina no kuryama », *Divin Nkurunziza, umwe muri abo bana asanzwe yiga mu mwaka w’indwi i Karera.

Francine Nzokira we akaba atera akamo abavyeyi kutabera intambamyi abana babo muri ivyo bikorwa nk’uko bamye babikora. Agatera kandi akamo ayandi mashirahamwe mu bice bitandukanye vy’igihugu gufasha mw’ikurikiranira hafi ry’abana bari mu buruhuko mu kubatunganiriza ibikorwa vyo kwiteza imbere, ibikorwa rusangi canke ibikorwa vyo gufasha abatishoboye.

Atera akamo kandi Reta gushigikira abana n’amashirahamwe abariko afasha abo bana mu bikorwa vyo mu buruhuko mu kubaronsa ibikoresho bakenera muri ivyo bikorwa no mu kuronsa abo bana agashirukabute k’ibikoresho vy’ishure kugira abo bana baba bitanze nabo baboneko bashimiwe kandi bakengurukiwe ku bikorwa vyiza baba barakoze.

Aha akagira ati: « Nko ku ruhande rwacu amakaye agera ku 3.696 niyo dukeneye kugira abana bacu 245 bitabiriye ibi bikorwa bakwirwe. Muri ayo tukaba tumaze kwemererwa amakaye agera ku 500 ayandi tukaba tutabona aho tuzoyakura. Tugatera akamo rero ababishoboye bose kuduterera kugira ngo abo bana bariko baritanga baze basubire kw’ishure bakwije ibisabwa kandi baryohewe. Uwogira amakaramu n’imyimbaro y’ishure nawe nyene tumuteye akamo ko yogira ico adufashije. »

Nk’uko abakera bayamaze ngo « Umukozi aberwa n’impembo » barongera kandi bati « Umuntu ni uwundi ».
Akamo gaterwa, uwogira ico ashaka ku kishurako yoshikira Francine Nzokira kuri +257 61 021 231 canke kuri +257 79 205 173.