Ubuzima bubi: Kimwe mu bituma abana baja mw’ibarabara no kunywa ibiyayuramutwe

Kuja mw’ibarabara canke kunywa ibiyayuramutwe ngo akenshi birashobora gutumwa n’ububabare, amagorwa, agahinda canke ubuzima bubi umuntu arimwo, acamwo canke yabayemwo bikamunanira kubwihanganira canke gutorera umuti ingorane aba afise. Ndereyimana Bienvenu, umwe mubo ivyo vyashikiye, aratwiganira uko vyamugendeye.

Ndereyimana Bienvenu ni umusore avuka i Gisozi mu ntara ya Mwaro. Ni umwe kandi mu bana bakuze banywa ibiyayuramutwe ndetse akanihereza amabarabara. Ivyo ngo yabikora abitumwe n’ubuzima bubabaje yavutse yisangamwo akanabukuriramwo. Ariko ngo amaze gushikana imyaka 25, yarahavuye aravavanura burundu n’iyo ngeso yo kunywa ibiyayuramutwe n’aho ingaruka mbi yasigaranye zitabuze nko guhinduka ku mubiri, no gutukura amaso.

Ndereyimana agira ati: “Jewe navutse ku buryo butangaje. Mama wanje yantwaye inda afise imyaka 14 araheza amarana amezi 7 mu nda atazi ko yatwaye inda y’ishushu. Sinigeze nkingirwa. Maze kuvuka, mama wanje yamaze amezi abiri ahahazwa cane na Sokuru kandi aba ahantu mu kazu yugaraniyemwo. Imisi yose yarafise isaha yo gukubitwa atukagurwa ko ari ikivume,yamenje kandi agafungurirwa rimwe gusa ku musi. Yahavanye akuraho afata ingingo yo kunta abuze uko agira hanyuma aromoka. Aho narimaze amezi 2 gusa mvutse”.

Ngo ubwo buzima kandi bwaratumye naho yari yageze gutangura ishure bidakunda ko atera arijamwo. Bienvenu arongera akagira ati: “Mama amaze kunta nyokuru yarandeze ariko ngakura nkora ibikorwa biruhisha mbere mpava nkwiza imyaka 9 batariyumvira ku ntanguza ishure. Sokuru wanje arahava antanguza ishure mu mwaka w’1995-1996 ku gitsure c’umutware yatwara umutumba wacu .
Nshitse mu mwaka wa 4 w’amashure matomato, Sokuru wanje yaciye apfa. Ivyo bikaba vyarangizeko ingaruka mbi kuko ntari ngifise uwumfata mu mugongo”.

Ukoyahevye ishure akisanga mw’ibarabara

Bienvenu Ndereyimana arongera akavuga kandi ko mu vyamutumye yomoka agaheba ishure akaja mw’ibarabara mbere akanywa n’ibiyayuramutwe harimwo gukubitwa no guturubikwa na ba inarume haruhande yo kutamurihira ishure.

“Jewe barantuma nko kuvoma mu mwonga canke gusenya. Nihenze ngateba barankubita cane mbere kenshi baranandaza hanze mboheye ku gitoke. Niho nahava rero nomoka nja mw’ibarabara mbonye atako ndi bugire. Naciye negera aho urundi runganwe gwari mw’ibarabara maze nagwo rutangura kunyiza kunywa itabi, inzoga hamwe na kanyanga. Mw’ibarabara nahasanze ingeso zitandukanye mbere harimwo no kwiba kugira ngo turonke amafaranga yo gufungura n’ayo kugura ibiyayuramutwe”.

Bienvenu Ndereyimana arongera kandi akagira ati: “Maze kuba mw’ibarabara harageze aho ntorwa n’umuntu aranjana iwe ansubiza kw’ishure ariko ngenda naramaze kunyegerwa n’ingeso yo kunywa ibiyayuramutwe. Nariga ariko nkabandanya ndabinywa. Ngeze mu mashure yisumbuye, mu mwaka w’icumi, naciye nongera ndaheba ishure nisubirira mw’ibarabara. Ariko inyuma y’umwaka umwe bongera barantora bansubiza kw’ishure mbere nca niga mw’ishure ry’indaro aho niga mbayo. Nshitse muri ‘internat’ naciye nsangayo akagwi k’abanyeshure banywa ibiyayuramutwe cane cane itabi nanje kubera naguma ndibwaribwa nca nifatanya nabo. Nahavuye nkena amafaranga yo gusorora no kugura itabi ako kagwi gaca karantaramura nanje mbona kurya umutima amenyo ndahagarika kunywa ibiyayuramutwe kubera mbuze aho nkura amahera”.

Naho vyagenze uko, ngo Ndereyimana Bienvenu yahavuye yiga amashure arayamara mbere na kaminuza arayitangura mu mwaka w’2017-2018. Ingeso yari yirabitse yo kunywa ibiyayuramutwe ica irongera iravyuka amaze kwongera kuronka amafaranga biciye ku gafashanyo yaronka kw’ishure, ariko akabandanya avuga ko ico gihe hoho bitatevye ko asubira kubiheba burundu.

Arongera akavuga ati: “Maze kwongera kwihereza ibiyayuramutwe ndi kuri kaminuza vyarampenze biranyankira nkanywa amacupa 3 y’ibiyeri akamborera kandi kare naranywa nyinshi cane. Aho hakaba hari kubera hari haheze imyaka 5 narabihagaritse. Maze kubona rero ko binyankiye nca nigira inama yo kubiheba burundu. Ubu narahejeje kaminuza mu gisata c’Ubutunzi kandi meze neza n’ibikorwa bitandukanye vy’ingirakamaro ndabikora neza kuko vyakunze ko mvavanura n’ingeso mbi yo kunywa ibiyayuramutwe.”

Ico asabira abakiri mw’ibarabara

Bienvenu, mu kurangiza, asaba reta n’amashirahamwe abijejwe kwitaho abantu bari mw’ibarabara banywa ibiyayuramutwe na cane cane ko hariho abatagira aho bakomoka canke imiryango  ibemera.

“Abana bari mw’ibarabara iyo baronse ababitaho bakabashigikira bashobora kubiheba kandi bakavamwo ikintu gikomeye kuko nabo nyene barafise ingabire z’ingirakamaro ku gihugu no ku miryango. Ikibazo ni uko gusa benshi batagishoboye kwimenya ngo bamenye n’ico bokora kuko ubuzima bwo mw’ibarabara bwamaze kubahuma amaso ».

Arongera agasaba abavyeyi n’imiryango kandi kwitaho abana babo, bakurikiranire hafi indero yabo kugira babakingire kuja mw’ibarabara kuko ngo benshi bajayo babifata nk’inzira yo kwironderera akanyamuneza batari basanganywe mu miryango yabo. Kanatsinda ngo nta muntu ata i muhira ngo aje mw’ibarabara adafise impamvu.

Mwomenya kandi ko Bienvenu Ndereyimana yashinze intahe y’ukuntu yatanguye gufata ibiyayuramutwe mu gihe amakungu ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ibiyayuramutwe no kubikwiragiza. Ubwoko nabwo bw’ibiyayuramutwe akaba gushika ubu buri kwinshi. Aha, tukavuga ivyo abantu bihereza babanje gutumura umwotsi, kwimotereza, kunywa canke kwiteza inshinge. Mu binyobwa hakaba hari nk’ivyo bita Kanyanga, umunanasi, umukororajipo n’ibindi.  Ivyo, abana bo mw’ibarabara bakaba bavyihereza cane akenshi bikanabatwara ubwenge ndetse n’ivyiyumviro vyabo bigahinduka.