Ugusegerereza ku bana, ingeso mbi iguma igwirirana

Mu Burundi, Afrika no kw’isi yose, abana basegerereza barwira ku murindi udasanzwe. Aha iwacu, abenshi bakaba ari abana baba mw’ibarabara tutibagiye n’abava mu mihana yabo bagiye gusega, baba barungitswe n’abavyeyi canke bijanye. Iyo ngeso ikaba igayitse kandi ikwiye kuranduranwa n’imizi. Ni iki kiriko kirakorwa canke cokorwa kugira iyo ngeso ihere? N’ibande bafise uruhara rwo kubihagarika?

Gusegerereza ni umugenzo canke ingeso y’umuntu (uwukuze canke umwana) yo kuja mu bibanza rusangi canke ahantu hakoranira canke haca abantu benshi ajanywe no kubasaba amahera, imfungurwa canke impuzu.

Uwo mwuga ugayitse wo gusegerereza ukaba utabonwa kumwe na benshi. Ivyo bikava ko rimwe na rimwe ukogwa n’abatowukoze haba mu bisagara canke mu gihugu hagati. Ivyo biri uko mu gihe abantu baharurwa mu miriyoni ijana na mirongo ibiri kw’isi  babayeho basegerereza. Nayo muri Afrika bakaba bangana n’imiriyoni mirongo itatu. Abenshi bakaba bitwaza kuba bafise amikoro make, ubumuga, intambara ndetse hari n’ababikora kubera ingeso bafise yo gusabiriza hamwe n’ugushaka kurya ivyo batabiriye akuya kubw’ubunebwe bwo gukora ngo biteze imbere baba bafise.

N’aha iwacu iyo ngeso iriho!

Turiko tuja mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi. Tumanutse tuva i Gitega, umugwa mukuru wa politike, tugeze neza na neza i Bugarama. Baratanguye kwishuza amahera muri ‘‘bus’’. Ku rundi ruhande hari abamanutse batariha kandi bitabagoye: Ni abana bato benenye ku biduga binini binini (kudunyura). Kuri bo umenga urupfu ntirubaho. Abandi bana bobo bavuye kw’ishure ni isaha indwi n’iminota cumi n’itanu z’umutaga (13h15min). Urugendo rurabadanya.

Tugeze mu gisagara ca Bujumbura, komine Ntahangwa, muri zone Kamenge aho benshi bita kuri ‘‘Gard du Nord’’. Bamwe bamwe bihereje amabarabara, abo bahasanze babaha ikaze. Ubwira ntibuteba ni isaha cumi na zibiri n’igice z’umugoroba (18h30min). Ubuzi buraheze abataha bariko barataha. Imiduga ni myishi. Aho imwe irindiriye ku bisikanya, abana begera ku biyo ngo ‘‘mfasha bosi’’ babuze canke baronse kuri uyu bakaja ku yundi.

Turahavuye tugeze mu gisagara hagati (muri centre ville), naho bwije, turabona abandi banyuragirana mu miduga bajabuka batanaravye muga tubona bakwepa uwitwa uwujejwe umutekano. Imvugo yabo ni ya yindi ‘‘ndashonje bosi, mfasha n’ijana.’’

Nk’uko ubwira budateba n’ubuca ntibuteba, burakeye tugeze kw’isoko mu Kinindo, ho, turabona ibitandukanye n’ivya mbere. Turabona umukenyezi ari kumwe n’abana. Ntakindi basaba atari imfungurwa canke amahera yokugura agakate.

Karadiridimba, tugiye gusenga kuri catedrare Regina Mundi, impande y’ibarabara haryamye umugabo ahema adashikana asa n’uwushonje ntanijambo narimwe avuga. Hepfo yiwe gato umwana w’umuhungu nawe nyene araryamye ariko aguma yigorora, ata amaboko, ata amaguru.

Leta ibivugako iki?

Biramaze kwibonekeza ko Leta y’Uburundi igerageza kurandurana n’imizi iyo ngeso yo gusegerereza. Abana batari bake bo mw’ibarabara bahora bafatwa bagasubizwa mu mihana iwabo iyo baje bava nk’uko tubisanga mw’itegeko N°1/27 ryo kuwa 29 Kigarama 2017 mu ntumbero yo guhasha iyo ngeso igayitse. Aha ntitwibagiye ‘‘campagnes’’ zo kwirukana abasegerereza bose n’abadafise akazi mu gisagara muri 2016, 2017 hamwe no mu 2018. Ico gihe, abenshi mu bana bakuwe mw’ibarabara bakaba barasubijwe mu mashure.

Ariko naho Leta yagerageje gukora utwigoro twoguhasha iyo ngeso yo gusegerereza, vyaragaragaye ko inyuma y’igihe gito, abasegerereza basubijwe iwabo bakanihanizwa gusubira mw’ibarabara gusegerereza, barasubira kuboneka mu bisagara haba i Bujumbura canke mu bindi bisagara bitandukanye vy’aha mu gihugu cacu. Kugeza ubu, uko bukeye uko bwije igitigiri kikaba kiguma ciyongera, ibitangaza benshi kuki bagaruka!

Bagwirirana bavuye he?

Kadogo* yagize ati: « Navukiye ngaha mu gisagara ca Bujumbura. Nta data nzi. Narava kw’ishure nsindonke utwo mfungura. Naciye mpitamwo kuja kurondera uko nobaho ivy’ishure ndaheba. »

Akenshi ngo atahira amasaha ashakiye maze umuvyeyi wiwe akamushimira iyo yagize ico aronka akaza amuzaniye.

Ange* agira ati: ‘‘Ntaburyo mfise bwo kubigisha mvyuka ngenda kurondera ubuzima. Akenshi nsanga batagiye kw’ishure bikambabaza biriwe kuyenzera iyo mu gisagara atakwo ndibugire.’’

Nayo ku bwa Lazaro*, umwana w’imyaka cumi asanzwe agendana ubumuga, avugako uwamukuye iwabo mu Kayanza, yamubwiye ko agiye ku mufasha anamurihire ishure i Bujumbura. Ariko ngo siko vyahavuye bigenda. Imvugo ntiyajanye n’ingiro.

‘‘Ivyo yanyemereye vyose ntavyo yankoreye. Yaciye anyereka aho nzoza ndaja gusega. Ntagiye gusaba rero nsindonka utwo mfungura. Mvuye gusega nshika ndamuha ayo bampaye nawe akabona kunguriramwo tumwe tumwe mutwo nkenera.’’

Hariko hakorwa iki?

Naho abana baguma bagwirirana mu mabarabara, abasega bakaba umurengera, biri uko mu gihe Leta y’Uburundi yafashe ingingo yo kwigisha abana bose biga mu mashure nshingiro ku buntu. Ivyo kandi tukaba tubisanga no mu mugambi wa ONU witwa ‘‘éducation pour tous’’, mu Kirundi bivugango ‘‘Indero kuri bose’’. Aha kandi amashirahamwe nka UNICEF akaba adahengeshanya gufata mu mugongo iyo ngingo mu gutanga ibikoresho vy’ishure ku buntu. Ndetse n’ubu rikaba riherutse kubikora muri uyu mwaka w’ishure wa 2021 ushira uwa 2022 waraye utanguye. Abana bagera ku miriyoni zibiri n’igice, biga mu mashure nshingiro mu ntara zose uko ari 18 zigize Uburundi, bakaba bararonse ibikoresho vy’ishure bitandukanye biciye mu mugambi ‘‘back to school’’ ufashwe mu mugongo n’ibanki y’isi yose.

Uruhara rw’umuvyeyi na Leta.

Bamwe bagira bati kugira iyo ngendo mbi yo gusegerereza iranduranwe n’imizi ni uko abavyeyi bohimiriza abana babo gukunda ishure bakanababwira ingaruka mbi zo kuja mw’ibarabara. Abo vyaseko biga bakaja mu mashure y’imyuga.

Ku rundi ruhande ngo Leta yoshira mu mashure y’imyuga abofatwa bariko bariyerereza bagatako bagakurikiranwa n’abahinga muvy’inyifato. Abandi n’abo bagasubizwa mu mashure bamwe bamwe aho bari bageze. Abatari bwatangure nabo bakaronswa ayo mahirwe yo gutangura ishure. Hoba kandi ihimirizwa ry’abenegihugu kugira bavavanure n’iyo ngendo mbi kandi igayitse yo gusegerereza haba ku bana ndetse no kubakuze.

Ngo hokomezwa kandi imigambi yo kurwanya ubukene kuko ngo nabwo nyene buri mu bituma abana barwirirana mw’ibarabara no gusegerereza birwira. Ngo ivyo kandi vyojana n’ihimirizwa ry’abenegihugu kubijanye no kurondoka ku rugero mu ntumbero yo kugabanya igwirirana ry’abantu.