Uko yavuye mubarondera akazi akaja mu bagatanga

Evariste NZEYIMANA ni umwe mu rwaruka rwashoboye kwitunganiriza umugambi wo kwiteza imbere no guteza imbere abandi biciye mu gushinga ishirahamwe ryitwa SOIMS (Société Iterambere Mu rwaruka Service). Iryo shirahamwe risanzwe rikorera mu gisagara ca Bujumbura, mu kiringo kitarenga imyaka ibiri rimaze rikora rikaba rimaze guha akazi urwaruka rugera ku 500. Yaba uwaritanguje ndetse n’abarikoramwo bose barashima aho ribagejeje mw’iterambere naho intambamyi zitabuze.

Ishirahamwe SOIMS (Société Iterambere Mugwaruka Service) ni rimwe mu mashirahamwe akorera mu gisagara ca Bujumbura mu gisata co guhuza abakozi n’abakoresha ndetse no kwigisha abipfuza akazi kugira baze bashobore kugakora neza mu gihe bakaronse. Iryo shirahamwe rikaba gushika ubu rimaze imyaka ishika ibiri ritanguye gukora. Naho rikiri rito mu myaka, mu bikorwa ho ririsununuye. Gushika ubu, urwaruka ruharugwa mu 500 akaba arigwo rumaze kuronka akazi biciye muri iryo shirahamwe ryatangujwe na Evariste Nzeyimana.

Aho twasanze uwo yaritanguje, ku biro vy’iryo shirahamwe biri mu gisagara ca Bujumbura, komine Mukaza, zone Bwiza, kw’ibarabara rya 7, nomero 30; Evariste Nzeyimana yaratwiganiye uko yatanguye akazi kiwe ko gushinga iryo shirahamwe ndetse naho rimugejeje gushika ubu. Yagize ati:

“Nkitangura ntivyari vyoroshe na gato. Nararavye ubuzima mbayemwo ngaha mu gisagara ca Bujumbura, ndaraba uko abandi bakora kugira biteze imbere biransiga. Mu nyuma mbonye ko ngomba mpeze amashure ya kaminuza niho niyumvira ukugene noshinga agashirahamwe komfasha, kagafasha n’urwaruka bagenzanje mu kubaronderera ubuzi n’abashaka abakozi. Nabitanguye bitanyoroheye kuko vyasaba ko mbanza kurondera ikibanza nkoreramwo ndetse n’impapuro zindekurira gukora ku mugaragaro nisunze amategeko kugira nze ndonke ubwizigirwa ku bakozi ndetse no ku bakoresha.”

Yarongeye aratwiganira uko vyamugendeye inyuma yo gutangura no kuronka ivyangombwa. Yagize ati: “Maze kuronka ivyangombwa binyemerera gukorera ku mugaragaro naratanguye bukebuke mu gufasha gutanga ubuzi buto buto nk’ubwo kurera abana, guteka, gukora isuku, n’ubwo gukora mu bubare n’ahandi.

Narabikoze ndabiryoherewe mu nyuma mpava ndizigirwa cane mpava nza ndaronka n’abansaba abakozi bobafasha mu mahoteri akomakomeye yo ngaha mu gisagara ndetse no mu bubare bwisununuye. Mu nyuma mpava ndazana iciyumviro co kwigisha imyuga imw’imwe urwaruka rukeneye akazi kugira nze ndatanga abakozi babizi kandi nizeye. Niho naca nshinga umugwi womfasha kwigisha ugwo rwaruka umwuga wo guteka neza n’ibindi.”

Abaronkejwe akazi biciye muri SOIMS barashima naho intambamyi zitabuze


Evariste Nzeyimana, umurongozi akaba n’uwatanguje ishirahamwe SOIMS

Nk’uko Evariste Nzeyimana, umuyobozi wa SOIMS, yabandanije abitwiganira ngo urwaruka rwarose ubuzi biciye muri iryo shirahamwe rurashima intambwe rugezeko ndetse nawe nyene rukamushimira kuri ico ciyumviro yagize. Ngo si abo bonyene kandi bashima kuko n’abakoresha amaze guha abakozi ngo baramushimira kuko bakorana neza. Evariste abandanya avuga kandi ko ivyo babikesha inzira nziza bacishamwo mu guhana abakozi. Aha, akamenyesha ko mu guhana umukozi n’umukoresha babanza gusinyiranira amategeko akingira umukozi n’ayajanye n’ukugene umukoresha azofata umukozi mu kumuhemba n’ibindi.

Nayo ngo mu ntambamyi bahura muri iryo shirahamwe SOIMS ni nk’izijanye n’abakozi babitura bababwira ko badafashwe neza n’abakoresha babo, ahandi naho hakaba abakoresha babitura bababwira ko hariho abakozi babiba canke bagasuzugura akazi iyo bagashitseko.

Uwo yatanguje SOIMS agatera akamo urwaruka agira ati: “Urwaruka ni rumenye ivyo kwitunganiriza akazi maze haruhande yo gukorera abandi baze barabona nabo nyene ko bitazokwama uko maze bahakure icigwa co kwiyumvira kwitanguriza ibikorwa vyabo.”

TUYISABE Jules, umwe mu rwaruka rwaronse akazi biciye mw’ishirahamwe SOIMS, yariganiye ikinyamakuru Shikiriza ukugene yaronse akazi ko kudandaza biciye kuri iryo shirahamwe nyene. Yagize ati: “Mpejeje amashure vyarangoye kuba i Bujumbura atakazi mfise kansahiriza. Niho ndi mu kuduga iyo naje mva ku bwo kubura icepfo n’icarugu naca nitura ishirahamwe SOIMS n’abo baramfasha ndaronka akazi ko kudandaza ari nako kantunze gushika ubu.”

Jules Tuyisabe agashimira umuyobozi w’iryo shirahamwe ku kugene yiyumviriye iryo shirahamwe ndetse akibuka no gushiraho amategeko akingira abakozi n’abakoresha kuko, nk’uko yabandanije abivuga, ngo abakozi benshi barakunda gushikirwa n’ingorane yo gukora hanyuma ntibahembwe canke bakirukanwa bidaciye mu mategeko. Tuyisabe atera akamo urundi rwaruka rukiriko rurarondera ico gwokora kwisunga nkenayo mashirahamwe kugira ruronke kandi rukore akazi neza kandi rutuje mu ntumbero yo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu.